Di seguito il testo della canzone Iwacu , artista - Sat-B con traduzione
Testo originale con traduzione
Sat-B
Vers 1:
Hommy !! Hommy !! Muntu ugana iwacu
Reka nkutume hariya kwa Mama
Umubwire yuko mukumbuye
Iyo mwibutse Oooh ndasarara
Hommy !! hommy! Muntu uja I Burundi
Ukagera hariya I Bujumbura
Kumayira abiri
Uti ndabakumbuye
Igihe kazoza tubonane !!
Uti nanse kubona nicwa n’inzara
Nanse kubona Mama yicwa n’inzara
Hageze igihe akazi karabura
Kuko Abonse rimwe bashamiranye
Layla akarira akarira, akabura ikimuhoza
Kubwo kubura ico muha
Hariya iwacu kuri ya misozi
«iwacu ndahakumbuye»
Mfise intuntu yo gusubirayo
«abiwacu ndabakumbuye»
Hariya iwacu kuri ca kiyaga
«iwacu ndahakumbuye»
Mfise intuntu yogusubirayo
«Ab'iwacu ndabakumbuye
Spoken:
«(#Leyla) papa je t aime uzoza ryari kumbuye kumbuye "
Vers 2:
Harya ubuto butegurira ubusaza
Inkoni nzokwitwaza mu butama
Ni ngombwa Ndayice nkiri muto
Sije nabizanye !
Tuvukira mu bibazo
Tukongera tukabikuriramwo
Kuko tuzira ivyo tutazi
Bigatuma tutabona imbere
Ooooh! Oooh! MANA!!!
Ehe amagara yarankitse
Mu mahanga muc’abandi
Ibibi burya bibaho
No kwihangana bikabaho
Ariko uri iwanyu biroroha
Ukihanganira vyose
Hariya iwacu kuri ya misozi
«iwacu ndahakumbuye»
Mfise intuntu yo gusubirayo
«abiwacu ndabakumbuye»
Hariya iwacu kuri ca kiyaga
«iwacu ndahakumbuye»
Mfise intuntu yogusubirayo
«Ab'iwacu ndabakumbuye
Canzoni in diverse lingue
Traduzioni di alta qualità in tutte le lingue
Trova i testi che ti servono in pochi secondi